Kenya: William Ruto yarahiye nk'umukuru w'igihugu wa gatanu.

Dr. William Samoei Ruto yarahiye nk'umukuru w'igihugu wa gatanu ugiye kuyobora Kenya. Ruto yarahiye indahiro ebyiri, yarahijwe n’umwanditsi mukuru w’ubucamanza. Rigathi Gachagua nawe yarahiye nk’umwungirije.

kwamamaza

Abantu nibura 60 000 nibo bivuga ko bari bitabiriye ibi birori. Ruto yatsinze amatora mu kwezi gushize, ku majwi 50.5%, arushije Odinga amajwi make cyane kuko we yagize 48.8%.

Odinga yavuze ko amatora yibwe, ariko urukiko rutesha agaciro ikirego cyatanzwe, rwemeza intsinzi ya Ruto.

Daily Nation yavuze ko nibura abakuru b’ibihugu  barimo Yoweri Musezeni wa Uganda, Paul Kagame w’u Rwanda, Abi Ahmed; minisitiri w’intebe wa Ethiopia, Salim wa Tanzania, Ndayishimiye Evariste w’u Burundi…bari mubitabiriye irahira rya Dr. Ruto ryabereye kuri stade ya Karasani, mu murwa mukuru Nairobi.

Uhuru Kenyatta ucyuye igihe Ruto ubutegetsi ibimenyetso by'ubutegetsi, inkota n'igitabo cy'itegeko nshinga.

Ruto yari asanzwe yungirije Uhuru Kenyatta mu myaka icumi yari amaze ku butegetsi.  Kenyatta yahisemo gushigikira Raila Odinga avuga ko Ruto atabereye kuba Perezida w'igihugu.

Ibyo byakuruye amakimbirane hagati yabo ariko Kenyatta yashimiye Ruto ku ntsinzi  ye, yanamushikirije ubutegetsi mu mahoro asaba Ruto guhagararira abanya-Kenya bose.

Odinga yavuze ko yahamagawe na Ruto kuri telefoni, amutumira mu birori, ariko ko avuga ko atazitabira kuko ari mu rugendo mu mahanga kandi ko atemera ko amatora yagenze neza.

 Sep 13, 2022 - 14:05